Ingoro
Ibwami hariho ingoro yagenewe abakevyi (indaro ya rugabo),ndetse hariho kandi n'ibigega bashinguramwo ivyimburwa.
Umutwe
Igihimba c'umubiri kiri ku Mutambara, akaba ari naho hari ubwoko bwo bituma umuntu yiyumvira.
Umutimbo
Uwuvuza ingoma z'i Burundi zihayagiza akaranga k'abarundi
Ihembe
Igihimba kimera ku mitwe y'ibikoko bimwebimwe. Inka ifise amahembe manini, marmare n'iyambo.
Inka
Ikigogo c'igitungano gifise agaciro kadasanzwe. Kirakamwa, kigatanga amase, kikaribwa inyama
Ibarabara
Ahantu hateguwe hagenewe guca imodokari hamwe n'izindi ngendeshwa nk'ipikipiki, ikinga n'ibindi.
Ubwanwa
Ubwoya bumera kugasakanwa iyo umuhungu ariko arakura agana ubusore. Abenshi buramera no ku matama
Umugamwa
Yari umwana w'Umwami. Abaganwa nibo băyobōra intara
Inkoko
Ico bahakurirako umutsima aho hambere, yogereranywa n'isahani y'iki gihe ariko yo yajishwa mu rwamfu ikagira amabara ayibeza.
Umwami
Uwari arongoye Uburundi n'abarundi imbere y'intwaro ya repuburika. Umwami wa mbere yabaye Ntare Rushatsi Cambarantama
Inkoko
Igikoko c'igitungano gitunzwe cane kunyama yaco, isanzwe ariyo izimanwa umutwe. Mugatondo inkoko irabihezagira ikavomera abana kumirimo.
Sokwe !
Soma !
Aho hepfo haciye impehe nsa.
Ingabo zitagira abaware.
Sokwe !
Soma !
Wongorora womvuna.
Ikijumbu.
Sokwe !
Soma !
Mpa utwo mbona.
Utwo kurya ku menyo.
Sokwe !
Soma !
Umututsi muremure yavuye i Magamba
Ima ry'imvura.
Agakecuru karose gapfa kati:
Maze ivyo nkavyanka.
Ifundi yugamye munsi y'igitikatika, kiti papapapa, nayo iti:
Nari bwabe umwami ntaravugirizwa ingoma !
Ikirogorya canyereye ku gishishwa kiti:
Haborewe jewe, harakantu abaruganye.
Agaca gacakiye agahori kati:
Uburyarya bwaraje akaguruka nti koriye akandi.
Impene ni igikoko c'igitungano, akenshi cororwa n'abantu kiri mumuryango w'ibikoko vyuza.